Iyo myiyerekano imaze indwi zirenga zitatu, ibera mu bisagara bitandukanye.
Icegera c’umushikiranganji wa mbere, Bulent Arinc, ejo ku musi wa mbere yavuze ko mu gihe abapolisi bonanirwa kurangura ico gikorwa, abasirikare b’igihugu ca Turkiya, bazoca basabwa gufasha.
Ayo majambo ashikirijwe mu gihe amashirahamwe akomeye y’abadandaji bo mu gihugu ca Turkiya, afatiye ingingo yo kugarariza akazi, mu mugambi wo kwiyamiriza inyifato y’abapolisi yo kwomora abanyagihugu bari bacumbitse muri Park yitwa, Gezi.
Ayo mashirahamwe ahurikiwemwo n’abakozi iibihumbi n’ibihumbi, yarateye akamo gasaba kw’ubugizi bwa nabi bukorwa n’abapolisi, buhagarara bunonyene.