Uko wahagera

AbanyaIrani Baritavye Amatora Y'Umukuru W'igihugu


Amatora yo mu gihugu ca Irani. Isanamu yerekana abanyapoltike batandatu, bariko barahiganwa
Amatora yo mu gihugu ca Irani. Isanamu yerekana abanyapoltike batandatu, bariko barahiganwa

AbanyaIrani uyu musi ku wa gatanu, bagiye mu matora yo guhitamwo president mushasha:

Ayo matora ahanini, yar’agendujwe cane na reta.

Ibiro bijejwe gutangaza amakuru vyo mu gihugu ca Irani , uyu musi wa gatanu, vyatangaje amakuru avuga kw’abategetsi bajejwe gutunganya ayo matora, bongereje amasaha yo gutora, kuko ababnyagihugu bayitavye ari benshi.

Abanyagihugu bashika imilioni 55 nibo bafise uburenganzira bwo gutora.
Abanyagihugu bashobora gutora mu banyapolitike batandatu bemewe n’abategetsi barongoye amadini, bari mu murwi ujejwe intwaro.
Benshi muribo babonwa nk’intagondwa zishigikiye inzego za reta, kandi barashigikiye kizigenza w’igihugu.

Kizigenza mu gihugu ca Irani, Ayatollah Ali Khamenei, nawe nyene, uyu musi ku wa gatanu, yatoye.

Igihe yarahejeje gutora, yatangaje ko yiyamirije ibineguro vya reta zunze ubumwe za amerika vy’ukuntu ayo matora, yatunganijwe. Yavuze kw’igihugu ca Irani, cotakaza mu gihe cokwama kirindira kwumva ivyo Reta zunze ubumwe za amerika zemeye.
Igihugu ca Irani carugaye imbibe zose, congera kirakoraniriza abantu bakigwanya mu kibanza kimwe, congera kandi kirapfunga abamenyeshamakuru.

Amashirahamwe atari make ajejwe gutangaza amakuru, avuga kw’utwigoro twose yagize two gusaba visa yo kwinjira mu gihugu ca Irani gukwirikirana ayo amatora, twabaye impfagusa.
XS
SM
MD
LG