Uko wahagera

Abashingamateka, mu Gihugu ca Kenya, Baremeye Igabanywa ry’Imishahara Yabo


Abanyakenya bariko biyamiriza abashingamateka mu ndwi iheze
Abanyakenya bariko biyamiriza abashingamateka mu ndwi iheze
Inyuma yuko abanyagihugu bakomeye induru, abashingamateka, mu gihugu ca Kenya, baremeye kugabanya imishahara yabo, yamara bazohabwa agahembo k’ukugura imodoka Nziza.

Urwego rujejwe imishahara n’impembo, mu gihugu ca Kenya, rwatangaje kw’inyuma y’ibiganiro, abashingamateka bemeye kwakira imishahara igera ku bihumbi mirongo irindwi na bitanu vy’amadolari ku mwaka.

Ayo mafranga akaba avuye ku bihumbi ijana na mirongo ibiri vy’amadolari abashingamateka baronse, mu mwaka uheze.

Yamara urwego rujejwe imishahara n’impembo, muri Kenya, rwatangaje kw’abashingamateka bahari, muri iki gihe, bazohabwa ibihumbi mirongo itanu n’umunani vy’amadolari, y’ukugura imodoka.

Abashingamateka, mu gihugu ca Kenya, bari mu bantu bahembwa amafranga menshi cane kw’isi, imishahara yabo ikaba yatumye haba ishavu n’imyiyerekano, ku Banyakenya bakenye, hamwe n’abaharanira inyungu z’abanyagihugu, mu kiringo c’imyaka itari mike.

Abantu barenga ijana baragize imyiyerekano, hanze y’inyubakwa y’inama nshingamateka, ku musi wa kabiri.
XS
SM
MD
LG