Uko wahagera

Igipolisi Kirwanya Imigumuko muri Turkiya, Caratanye mu Mitwe n’Abari mu Myiyerekano


 Igiplisi kijejwe kurwanya imigumuko mu kibanza ca Taskim Square mu gihugu ca Turkiya
Igiplisi kijejwe kurwanya imigumuko mu kibanza ca Taskim Square mu gihugu ca Turkiya
Imyotsi y’imyuka ibabaza mu maso yarashwe n’igipolisi kirwanya imigumuko, yatumye Abanya Turkiya bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, bahunga ikibanza ca Taskim Square, mu gisagara ca Istambul, inyuma y’umugoroba w’uguhangana gukomeye cane n’igipolisi, mu kiringo kirenga indwi.

Bwari ubugira kabiri ,ejo ku musi wa kabiri, igipolisi gikoresha imyuka ibabaza mu maso, amagrenade aca inguvu, n’imiringoti y’amaz,i kugira bakure abari mu myiyerekano ,mu kibanza ca Taskim Square, mu gisagara ca Istambul.

Abari mu myiyerekano bariyemeje, ku vyerekeye guhagarika abategetsi gusambura ikibanza abanyagihugu batemeberamwo, hafi y’ikibanza ca Taskism Square, kugira bahubake inyubakwa nshasha.

Abari mu myiyerekano, basaba kandi umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, gutanga imihoho, mu kumwagiriza ko ariko arondera gushiraho ivyiyumviro vy’imigenzo ya kera, y’idini rya Islamu, mu gihugu ca Turkiya, mu bisanzwe kitagendera kw’idini rya Islamu.

Umushikiranganji wa mbere ategekanya kubonana na bamwe mu bari mu myiyerekano, uno musi ku wa gatatu, yamara abagiriza ko bariko bagerageza n’impaka, kugeramira ukugene igihugu ca Turkiya kibonwa, mu makungu, n’ubutunzi bw’ico gihugu.

Abantu batatu barapfuye, kuva imyiyerekano itanguye, haraheze hafi y’indwi zibiri.

Abantu bagera ku bihumbi bitanu, barakomeretse, abandi ibihumbi n’ibihumbi barahagarikwa.
XS
SM
MD
LG