Uko wahagera

Nelson Mandela Aracari mu Bitaro, aho Amagara Yiwe Akimeze Nabi

Hillary Clinton yahoze ari Secereti wa Departement ya Reta ya Amerika ariko abonana na Mandela imuhira iwe ahitwa Qunu, muri Afrika y'epfo, kw'italiki zitandatu z'ukwezi kw'umunani mu mwaka w'2012
Hillary Clinton yahoze ari Secereti wa Departement ya Reta ya Amerika ariko abonana na Mandela imuhira iwe ahitwa Qunu, muri Afrika y'epfo, kw'italiki zitandatu z'ukwezi kw'umunani mu mwaka w'2012
Igihugu ca Afrika y’epfo, catangaje kw’amagara ya Nelson Mandela, yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo, ameze nabi, mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria ,aho ariko aravurwa ku kibazo vyo mu mahaha.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, yatangaje, ejo ku musi wa mbere, kw’atacahindutse, ku vyerekeye amagara ya Mandela, kuva igihe yakirwa mu bitaro, ku musi wa gatandatu.

Ejo ku musi wa mbere, Mandela, yaragendewe n’uwahoze ari umutambukanyi wiwe, Winnie Madikizela-Mandela, n’umwana w’umukobwa bavyaranye.

I muhira iwe, mu gisagara ca Johanesburg, abantu batari bake barasize amashurwe n’inzandiko, bamwifuriza gukira ngingoga.

Mandela abonwa n’Abanyafrika y’epfo batari bake, nk’umuvyeyi w’igihugu cabo.
XS
SM
MD
LG