Uko wahagera

Abanyafrika y’epfo Barasabiye Nelson Mandela, Amagara Yiwe Atameze Neza, Muri iki Gihe


Neslon Mandela, yahoze ari prezida wa Afrika y'epfo
Neslon Mandela, yahoze ari prezida wa Afrika y'epfo
Amasengero ,mu gihugu ca Afrika y’epfo, yarasengeye, ejo ku musi w’Imana, Nelson Mandela, yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo, muri iki gihe amagara yiwe atameze neza, mu gihe yamaze umusi ugira kabiri, mu bitaro aho ariko avurwa ibibazo vyo mu mahaha.

Abantu, mu gihugu ca Afrika y’epfo, baramusabiye gukira. Mandela abonwa n’Abanya Afrika y’epfo, kw’ariwe muvyeyi w’igihugu.

Nta makuru mashasha abategetsi batanze, ku kugene Mandela amerewe. Abagize umuryango wiwe, baramugendeye, ejo ku musi w’Imana, mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria, aho avurwa ko ari.

Nelson Mandela, muri iki gihe afise imyaka mirongo icenda n’ine, yakiwe muri ivyo bitaro, ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. N’ubugira kane Mandela ajanwa, mu bitaro, kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka uheze.

Mandela yaragize ibibazo vy’uguhema, kuva yanduye tuberculose, mu gihe c’imyaka mirongo ibiri n’indwi yamaze mu munyororo, ku ntwaro kadyanishamiryango ya Apartheid.
.
XS
SM
MD
LG