Uko wahagera

Reta ya Turkiya Iriyamiriza Imyiyerekano


Umudandaza ariko aragurisha imitaka, ari imbere y'imodoka y'abapolisi yaturiwe.
Umudandaza ariko aragurisha imitaka, ari imbere y'imodoka y'abapolisi yaturiwe.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkey Recep Tayyip Erdogan, yatangaje kw’umutekano uriko uragaruka mu gihugu.

Avuga kandi kw’abantu bariko baragira imyiyerekano, ar’abantu bagishavujwe, n’uko batsinzwe amatora.

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, baragize imyiyerekano mu gisagara ca Ankara hamwe no mu bindi bisagara kuva kuva ku musi wa gatanu, bakaba barega umushikiranganji wa mbere kw’ashaka kubategeka kugendera ku mategeko ya Kiislamu, kandi Turkiya, atar’igihugu c’abaislamu.

Gushika ubu, umuntu umwe niwe amaze gupfa, mu gihe abandi amajana n’amajana bakomeretse, igihe abapolisi bakoresha imiringoti y’amazi hamwe n’imyuka ihumya amaso, mu gushwiragiza abantu bariko baragira imyiyerekano.

Umushingantahe Erdogan gushika ubu, nta kintu na kimwe aragira cerekana kw’ashaka kwumvikana n’abantu bariko baragira imyiyerekano. Avuga kw’abantu bariko baragira imyiyerekano, bayikora bafatanije n’inkozi z’iki zikora ibitero vy’iterabwoba, kandi ngo abo bantu bose, ntibashigikiwe n’abanyagihugu.

President w’igihugu ca Turkey, Abdullah Gul ariko aratera akamo abanyaTurkiya kabasa kuguma batekanye, yamara yaratangaje ko bafise uburenganzira bwo kugira imyiyerekano.
XS
SM
MD
LG