Uko wahagera

Ubuyapani Bugiye Guha Afrika Imfashanyo Ikomeye

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu c'Ubuyapani, Shinzo Abe, ariko araramukanya na president w'igihugu ca Liberia Ellen Johnson Sirleaf kw'igenekerezo rya 2 ry'ukwezi kwa gatandatu, igihe c'inama yabereye mu gihugu c'Ubuyapani yerekeye iterambere rya Afrika

Igihugu c’Ubuyapani kizoha ibihugu vyo muri Afrika imfashanyo ingana na billioni imwe y’amadolari, mu kiringo c’imyaka itanu iri imbere.

Iyo mfashanyo izokoreshwa mu bikorwa vy’uguteza imbere ubutunzi hamwe n’ukugarukira abanyagihugu bakeneye imfashanyo.

Iyo mfashanyo izokoreshwa kandi mu bikorwa vyo gukomeza umutekano hamwe no gutuza iterabwoba.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani Shinzo Abe, yatangaje iyo mfashanyo ejo ku musi wa mungu, ku musi ugira kabiri w’inama mpuzamakungu yerekeye iterambere rya Afrika, iriko ibera mu gihugu c’Ubuyapani, mu gisagara co mu bumanuko bw’umurwa mukuru citwa Yokohama.

Ayo mafranga, ni kimwe mu bice vy’amafaranga angana n’amadolari billioni 32 y’imfashanyo reta y’Ubuyapani izotanga, umushingantahe Abe yatangaje ku musi wa gatandatu.

Umushingantahe Abe avuga kw’iyo mfashanyo izotangwa mu kiringo c’imyaka itanu, ifise umugambi wo gufasha mw’iterambere rya Afrika, hamwe n’uguha ingonga amasosiyete yo mu gihugu c’Ubuyapani, kugira ngo akoreshe imitahe yayo mu ntara ya Afrika.
XS
SM
MD
LG