Uko wahagera

America Iragiriza Abandi Bagabo Batatu


Abagabo batatu bagirizwa ko bagirizwa ko bagize uruhara mu bibombe vyatewe mu gisagara ca Boston
Abagabo batatu bagirizwa ko bagirizwa ko bagize uruhara mu bibombe vyatewe mu gisagara ca Boston

Reta zunze ubumwe za amerika, zaragirije abagabo batatu ko bagerageje kuyovya ubutungane.

Abo bantu bagirizwa ko Bayobeje ubutungane igihe c’itohozwa ry’ibibombe vyatewe ku bantu bariko bariruka Marathon mu gisagara ca Boston.

Abategetsi ejo ku musi wa gatatu, barahagaritse abagabo babiri bava mu gihugu ca Kazakistan hamwe n’umunyamerika, baaja kw’ishule ya kaminuza imwe yo mu ntara ya Massachusetts n’umugabo yagirizwa kw’ariwe yateye ivyo bibombe, Dzhokhar Tsarnaev.

Baregwa ko bafashije Tsarnaev inyuma y’aho atereye ibibombe kw’itariki 15 z’ukwezi kwa kane; ibibombe vyahitanye ubuzima bw’abantu batatu , bikanakomeretsa abandi barenga 260.

Abo banyagihugu bafise amamuko muri Kazakistan, Dias Kadyrbayev hamwe na Azamat Tazhayakov, baratangaje ko bahevye uburenganzira bwabo bwo gusaba kurekurwa batanze ingwati, bakaba rero bazoguma mw’ibohero gushika basubire kurenguka muri sentare. Umunyamerika Robel Phillipos, yaciye ahagarikwa mu kurindira ingingo sentare, izofata.

Abapolisi ba reta ya Amerika bajejwe iperereza, barega abo bagabo batatu ko bumvikanye kuzimanganya ordinateri hamwe n’isakoshi ya Tsarnaev yarimwo ibintu bishobora guturika. Bose bashobora kuzoja mu munyororo, bakariha n’ihadabu ikomeye mu gihe, ivyaba bagirizwa, vyobagira.
XS
SM
MD
LG