Uko wahagera

Ikibombe Carishe Abantu 13 I Damas.


Abajejwe umutekano, bari iimbere y'inyubakwa y'ubushikirangnanji bujejwe intwaro yo hagati
Abajejwe umutekano, bari iimbere y'inyubakwa y'ubushikirangnanji bujejwe intwaro yo hagati
Ico kibombe caturitse ejo ku musi wa kabiri muri district ya Marjeh yo ku murwa mukuru, cahitanye ubuzima bw’abantu 13, kikongera kigakomeretsa abandi 70.

Bubaye ubugira kabiri mur’iyi misi ibiri, ikibombe giturikiye ku murwa mukuru Damas.
Gushika ubu, abaronderwa mur’ico kibombe, ntibaramenyekana kandi, nta murwi n’umwe uratangaza kw’ariwo wakoze ico gitero cabereye hafi y’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati.

Iyo nyubakwa y’amagorofa 28 irimwo ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati ku murwa mukuru Damas, nayo nyene, yaronekanye.

Ikinyamakuru ca reta ya Syria citwa SANA cavuze kw’ico gitero cakozwe n’abantu bari mu mirwi ikora ibitero vy’iterabwoba.

Abategetsi bo mu gihugu ca Syria bama bakoresheje ijambo iterabwoba, iyo bariko baravuga ibitero bikorwa n’abantu bariko baragwana mu mugambi wo gukura president Bashar al-Assad ku butegetsi.
XS
SM
MD
LG