Uko wahagera

President Wa Algeria Bouteflika Ari Mu Bitaro


President w'igihugu ca Algeria Abdelaziz Bouteflika
President w'igihugu ca Algeria Abdelaziz Bouteflika

Abategetsi bo mu gihugu ca Algeria batangaje ko president Abdelaziz Bouteflika, yagize ingoraze z’amaraso adashika mu bwonko.

Bavuga kandi ko mur’iki gihe ariko aravurirwa mu bitaro vyo mu gihugu c’Ubufaransa.

Umushikiranganji wa mbere Abdelmalek Selial, yaremeje iyo nkuru ku musi wa gatandatu, yamara akaba yavuze ko president ataremvye cane. Yavuze kw’imitsi ya president yazivye mu kanya gatoyi ku musi wa gatandatu, ariko ngo mur’iki gihe ariko araruhuka, mu kurundira ibipimo, abaganga bakoze.

Umushingantahe Bouteflika yatwaye igihugu ca Algeria kuva mu mwaka w’1999, kandi amakuru atangazwa, avuga kw’amagara yiwe, atar’ameze neza mur’iyi myaka iheze.

Ni gake yahora aja ahabona.

Umushingantahe Bouteflika yari yatanguje imigambi mishasha yo kunagura politike mu mwaka w’2011, inyuma y’aho abanyagihugu bakoreye imyiyerekano imeze nk’imyiyerekano yabaye mu bihugu vy’abarabu.

Igihugu ca Algeria kiri mu bihugu vyo muri Afrika bitunze, kandi kiri mu bihutu vya mbere biha ibihugu vy’ibulaya, imyuka ya Gas.
XS
SM
MD
LG