Uko wahagera

Amatora Muri Iraki, Kuva Abanyamerika Batashe


Umutamakazi yariko aratora ku musi wa gatandatu,
Umutamakazi yariko aratora ku musi wa gatandatu,

Abanyagihugu, baragiye mu matora ya mbere abaye inyuma y’aho abasirikare ba reta zunze ubumwe za amerika batahukiye mu mwaka w’2011.

Ayo matora yabaye, umutekano ucungerewe cane kugira ngo ntabemwo ubwicanyi mur’iki gihe, ibitero vy’umurwi al-Qaida bisa n’ivyasubiye.

Nta makuru avuga kw’ayo matora yabayemwo ubugizi bwa nabi, arinaco gituma ambassade ya reta zunze ubumwe za amerika, yaciye isohora itangazo ryo gukeza abanyaIraki, ku buryo basubiye kugaragaza ko bashigikiye demokrasi, na kazoza karimwo umwidegemvyo.

Iryo tangazo rivuga kandi kw’ayo matora yabaye ejo ku musi wa gatandatu, ari intambwe ikomeye mu nzira nziza, kandi yerekanye kw’abanyaIraki biyamirije ubwicanyi bwakozwe n’intagondwa, bugahitana ubuzima bw’abantu barenga 50, bukongera bugakomeretsa abandi barenga 200 mu ndwi iheze.
XS
SM
MD
LG