Uko wahagera

Pervez Musharaf Azoguma Apfunzwe Icamaso


Pervez Musharraf hagati
Pervez Musharraf hagati

Pervez Musharraf yigeze kuba president w’igihugu ca Pakistani, yarahawe amategeko yo kuguma mu minwe y’abajejwe umutekano.

Iyo ngingo yafashwe kubera ibiregeo yagirizwa bivuga ko yatanze amategeko yo gupfunga abacamanza mu buryo buteye kubiri n’amategeko mu mwaka w’2007.

Umushingantahe Musharraf azoguma apfunzwe icamaso ku ngoro yiwe iri mu micungararo y’umurwa mukuru Islamabad, gushika asubire kwitaba ubutungane kw’igenekerezo rya 4 ry’ukwezi kwa gatanu.

Abantu b’ivyabona bamwagiriza, bashika 14.

Uyo mugeneral yari yafashe ubutegetsi muri coup d’Etat agatwara igihugu ca Pakistani mu kiringo c’imyaka ishika cumi, yatanguye kubona kw’amahirwe yiwe yo gusubira gutwara igihugu agabanutse, kuva mu kwezi kwa gatatu, igihe yatahuka avuye mu buhungiro yishizemwo, yaramazemwo imyaka ine.
XS
SM
MD
LG