Uko wahagera

Umwe Mu Bateye Amabombe I Boston Yarafashwe


Abagabo bikekwa kw'aribo bateye Bombe muri Marathon y'i Boston
Abagabo bikekwa kw'aribo bateye Bombe muri Marathon y'i Boston

Ku musi wa gatanu niho,Dzhokhar Tsarnaev, yahagarikwa agaca atwarwa mu bitaro.

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Boston, mu ntara ya Massachusetts, muri Reta zunze ubumwe za amerika, bari bamaze indwi batekewe n’ubwoba, bararuhutse inyuma y’aho abajejwe umutekano, bafatiye umuntu agira kabiri yari mu bantu bikekwa ko bateye bombe ku bantu bariko bariruka Marathon.

Umuhungu afise imyaka 19 Dzhokhar Tsarnaev yikekwako ubwo bwicanyi, ejo ku musi wa gatandatu, yar’acunzwe cane ku bitaro vyo mu gisagara ca Boston vyitwa, Beth Israel Deaconess Medical Center, aho agwariye cane. Uwundi yikekwa kw’ar’umugizi wa nabi, mukuruwe afise imyaka 26, Tamerlan, yishwe igihe yarasana n’abapolisi ku musi wa kane ku mugoroba, arinawo musi, Dzohokhar yaca ahunga ari ku maguru.

Abapolisi baciye bamukikuza, aho yari yinyegeje mu bwato bwari mu rugo rw’inyubakwa yo mu gisagara ca Boston, muri quartier yitwa Watertown, ku musi wa gatanu.

Abajejwe umutekano, baciye bamufata inyuma y’aho abanje kurasanira n’abapolisi.

Mu gisaga ca Boston mur’iyo quartier ya Watertown yafatiwemwo, umunezero wari wose. Abanyagihugu barakomeye amashi abapolisi bo mur’ico gisagara hamwe n’abapolisi badasanzwe FBI, igihe bariko bararengana baciye mur’iyo quartier.
XS
SM
MD
LG