Uko wahagera

Inteko za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Korea y’epfo, Zaradugije Urugero rw’Ukuba Magabo


Abasirikare ba Korea y'epfo bariko bagenzura uruzitiro ry'intsinga hafi y'ikibanza kibujijwemwo inteko gitandukanya Korea ya ruguru na Korea y'epfo.
Abasirikare ba Korea y'epfo bariko bagenzura uruzitiro ry'intsinga hafi y'ikibanza kibujijwemwo inteko gitandukanya Korea ya ruguru na Korea y'epfo.
Mu gihe vyitezwe kw’igihugu ca Korea ya ruguru kigerageza missile, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Korea y’epfo, biriteguriye inkurikizi ivyo bishobora kugira.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Amerika, Chuck Hagel, yaragabishije abategetsi ba Korea ya ruguru, ku vyerekeye kubandanya basomborotsa amakungu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Kerea y’epfo, Yun Byung-Se, yabwiye abashingamateka, ejo ku musi wa gatatu, kw’ari ibishoboka cane, kw’igihugu ca Korea ya ruguru, kigerageza imwe mu ma missile yayo mashasha, igihe icarico cose.

Muri ico gihe, abaserukira ibihugu vyo mu mahanga bariko bagerageza kubandanya bavugana n’abategetsi b’igihugu ca Korera ya ruguru, n’ukugabanya umwuka mubi.

Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya ryatangaje, ejo ku musi wa gatatu, ko ritazokura abariserukira, muri Korea ya ruguru, naho Korea ya ruguru yagabishije ko itazoshobora kwubahiriza umutekano wabo, inyuma y’italiki cumi, z’ukwezi kwa kane.

Korea ya ruguru ivurwa kw'iri, mu bihe vya nyuma, vy’ugutegura igeragezwa rya missile Musudan. Iyo missile itari bwageregezwe imbere yaho, ishobora gushika, mu bihugu vya Korea y’epfo, Ubuyapani, n’intara ya Amerika, ya Guam.
XS
SM
MD
LG