Uko wahagera

Umurwi w’Intagondwa z’Aba Islamu Zirwanya Ubutegetsi, muri Syria, Watumye Ukutumvikana n’Abarwanya Reta Batari Intagondwa, Gukomera Kurushiriza


Umutegetsi w’umurwi ukomeye w’abarwanya ubutegetsi b’intagondwa z’Aba Islamu, mu gihugu ca Syria, baremeye icese, kuyobokera umurwi al-Qaida , mu vyakomeje ukutumvikana n’abarwanya ubutegetsi batari intagondwa, ku kugene boyobora igihugu, ca Syria, hamwe botembagaza prezida Bashar al-Assad.

Umukuru w’umurwi, Jobhat al-Nusra, Abu Mohammad al-Golani, yemeye kuyobokera umukuru w’umurwi al-Qaida, Ayman al-Zawahiri, mu butumwa, kuri video, bwashizwe ku bibanza vya internet, vy’uwo murwi, ejo ku musi wa gatatu.

Golani yaremeje kandi kw’umurwi wiwe, waronse infashanyo y’ibikoresho, kandi ko wamenyerejwe n’umurwi ukorana na al-Qaida, ufise icicaro mu gihugu ca Iraki., AQI.

Golani yarerekanye ko yishimiye ivyaranguwe n’umurwi AQI, yamara yavuze kw'atabanje kuvugana n’uwo murwi, imbere yuko atangaza kw’iyo mirwi yose yagiye hamwe.

Umukuru w’umurwi AQI, Abu Bakr al-Baghdadi, yatangaje ivyerekeye urwo runani, mu butumwa butandukanye bwa video, bwashizwe ku kibanza ca internet, umusi w’imbere yaho.

Mu ntango z’iyi ndwi, umuyobozi mukuru w’umurwi al-Qaida, Ayman al-Zawahiri, yararungitse ubutumwa bwiwe, kuri internet, aho yasavye abarwanyi bose, b’Aba Islamu, mu karere, gushira inguvu zabo hamwe, kugira bashireho Reta, yisunga idini rya Islamu, mu gihugu ca Syria.
XS
SM
MD
LG