Uko wahagera

Jacob Lew Ariko Arahanura Abanyabula Ku Butunzi


Umushikiranganji w'igihugu c'Ubudagi ajejwe ubutunzi Wolfgang Schaeuble ari kumwe n'umushikirnaganji wa reta zunze ubumwe za ameriika ajejwe ubutunzi, Jack Lew . bariko baha ikiganiro abamenyeshamakuru
Umushikiranganji w'igihugu c'Ubudagi ajejwe ubutunzi Wolfgang Schaeuble ari kumwe n'umushikirnaganji wa reta zunze ubumwe za ameriika ajejwe ubutunzi, Jack Lew . bariko baha ikiganiro abamenyeshamakuru

Umushikiranganji wa reta zunze ubumwe za amerika ajejwe ikigega, Jacob Lewavuga kw'ibihugu vy’ibulaya bikeneye gufata imigambi mishasha.

Umushingantahe Lew yavuzer kw’ivyo arivyo vyotuma ibihugu vy’ibulaya bishobore gufasha ubutunzi kuzamuka, yamara impanuro ariko aratanga, ntizakiriwe n’igishika mu gihugu c’Ubudagi.

I Berlin ejo ku musi wa kabiri, umushingantahe Lew yarabananye n’umushikiranganji w’igihugu c’Ubudagi ajejwe ubutunzi, Wolfgang Schaeuble, yashigikiye cane imigambi yo kugabanya umutahe mu bihugu 17 vyo mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya, nk’uburyo bwo gutorera inyishu ikibazo c’umwenda mu kiringo c’imyaka itatu mu bihugu bigize ishirahamwe ry’ibulaya.

Umushingantahe Lew yaragiye kandi I Buruseri, Frankfort hamwe na Paris.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, umushingantahe Lew yavuze kw’igitigiri c’abaguzi, arico kizotuma ubutunzi bwiyongera mu bihugu bigize ishirahamwe ry’ibulaya, aho ubutunzi bwahagaze kandi n’ubushomeri bumaze kugera ku bice 12%.
XS
SM
MD
LG