Umushingantahe Lew yavuzer kw’ivyo arivyo vyotuma ibihugu vy’ibulaya bishobore gufasha ubutunzi kuzamuka, yamara impanuro ariko aratanga, ntizakiriwe n’igishika mu gihugu c’Ubudagi.
I Berlin ejo ku musi wa kabiri, umushingantahe Lew yarabananye n’umushikiranganji w’igihugu c’Ubudagi ajejwe ubutunzi, Wolfgang Schaeuble, yashigikiye cane imigambi yo kugabanya umutahe mu bihugu 17 vyo mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya, nk’uburyo bwo gutorera inyishu ikibazo c’umwenda mu kiringo c’imyaka itatu mu bihugu bigize ishirahamwe ry’ibulaya.
Umushingantahe Lew yaragiye kandi I Buruseri, Frankfort hamwe na Paris.
Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, umushingantahe Lew yavuze kw’igitigiri c’abaguzi, arico kizotuma ubutunzi bwiyongera mu bihugu bigize ishirahamwe ry’ibulaya, aho ubutunzi bwahagaze kandi n’ubushomeri bumaze kugera ku bice 12%.