Uko wahagera

Amerika yarafashe Umunya Guinee-Bissau Akomeye mu Bucuruzi bw’Ibiyayura Umutwe


Ikarata ya Guinee-Bissau
Ikarata ya Guinee-Bissau
Abakozi bajejwe iperereza, ba Reta ya Amerika, barahagaritse, Bubo Na Tchuto, yahoze ayoboye igisirikare kirwanira mu maz,i mu gihugu ca Guinee-Bissau, Amerika yatangaje kw’ari umuntu akomeye cane, mu bucuruzi bw’ibiyarura umutwe, mu makungu.

Inkuru zivuye mu mazinga ya Cap-Vert, zamenyesheje, Ijwi rya Amerika, Service y’Igiportugais, ko Bubo Na Tchuto, yazanywe muri ayo mazinga, ejo ku musi wa kane, akaba yashizwe mu ndege yamujanye, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ikinyamakuru co mu mazinga ya Cap-Vert, catangaje kw’ubwato, Bubo Na Tchuto, yarimwo, bwafashwe hafi y’amazinga ya Cap-Vert.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko, Na Tchuto, yagize uruhara, mu budandaji bw’ibiyayura umutwe, mu makungu, n’ubudandaji bwa cocaine ivuye, mu karere ko muri Amerika yo mu bumanuko.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga kandi ko ariwe yatuma haba uruhagarara, mu gihugu ca Guinee-Bissau
XS
SM
MD
LG