Uko wahagera

Ihagarikwa Rya Ntaganda Rivuga Kw’Amahoro Abonetse


Olivier Mandevu
Olivier Mandevu

Bosco Ntaganda, Yarinjiye mu Rwanda, aca kwishikana muri Ambassade ya Amerika I Kigali.

Inyuma y’aho Ntaganda yaronderwa na sentare mpuzamakungu y’I La Haye yishikaniye imbere ya ambassade y’Urwanda, maze akanahava arungikwa muri sentare mpuzamakungu ikwirikirana ivyaha bikomeye, abantu benshi baribajije niba amahoro n’umutekano bigiye kuboneka mu buseruko bwa Congo.

Yamara abakwirikiranira hafi ikibazo c’umutekano muke urangwa mu ntara yo mu buseruko bwa Congo, bavuga kw’iryo hagarikwa ryonye, ataco rivuze: Bavuga kw’ikintu gihambaye ar’uko Bosco Ntaganda yoshikiriza amazina y’abantu bamufashije gukora ubwo bwicanyi yagirizwa, harimwo n’ibihugu vyo mu ntara vyari bimushigikiye.

Hari n’abandi bavuga kw’ikibazo nyamukuru co mu buseruko bwa Congo, ar’ubutegetsi bubi, butagira n’inzego nyakuri zijejwe gucungera n’ukukingira abanyagihugu.

Hari kandi n’abavuga kw’ibiganiro ariyo nzira nziza izotuma amahoro nyakuri asasagara:
Twaravuganye n’abashingantahe bafise amamuko mu buseruko bwa Congo, bamwe bari mur’iyo ntara nyene, kur’ico kibazo: Muribo harimwo, Amani Kabasha, umuvugizi w’umurwi M23, Baravuga Salomon, umuhanuzi mukuru wa Bishop Runiga yakuwe mu murwi M23, Gode Chiri Haguma, yahoze ar’umunyapolitike, mur’iki gihe ar’umurorezi yigenga, hamwe na Olivier Mandevu, umukuru w’ishirahamwe Gatumba Refugee.

Tubatege amatwi.
please wait

No media source currently available

0:00 0:24:57 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG