Inyuma y’aho Ntaganda yaronderwa na sentare mpuzamakungu y’I La Haye yishikaniye imbere ya ambassade y'Amerika mu Rwanda, maze akanahava arungikwa muri sentare mpuzamakungu ikwirikirana ivyaha bikomeye, abantu benshi baribajije niba amahoro n’umutekano bigiye kuboneka mu buseruko bwa Congo.
Yamara abakwirikiranira hafi ikibazo c’umutekano muke urangwa mu ntara yo mu buseruko bwa Congo, bavuga ko iryo hagarikwa ryonye, ataco rivuze. Bavuga ko ikintu gihambaye ari uko Bosco Ntaganda yoshikiriza amazina y’abantu bamufashije gukora ubwo bwicanyi yagirizwa, harimwo n’ibihugu vyari bimushigikiye.
Hari n’abandi bavuga ko ikibazo nyamukuru co mu buseruko bwa Congo, ar’ubutegetsi bubi, butagira n’inzego nyakuri zijejwe gucungera n’ukukingira abanyagihugu.
Hari kandi n’abavuga kw’ibiganiro ariyo nzira nziza izotuma amahoro nyakuri asasagara. Twaravuganye n’abashingantahe bafise amamuko mu buseruko bwa Congo, bamwe bari mur’iyo ntara nyene, kur’ico kibazo: Muri bo harimwo, Amani Kabasha, umuvugizi w’umurwi M23, Baravuga Salomon, umuhanuzi mukuru wa Bishop Runiga yakuwe mu murwi M23, Gode Chiri Haguma, yahoze ari umunyapolitike, muri iki gihe ni umurorezi yigenga. Undi twavuganye ni Olivier Mandevu, umukuru w’ishirahamwe Gatumba Refugee.
Ihagarikwa rya Ntaganda Rivuga ko Amahoro Abonetse
- Frederic Nkundikije