Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi bwa Syria Barishe Umutegetsi w’AbaSunni Ashigikiye Reta.


Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Syria
Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Syria
Inteko zirwanya ubutegetsi bwa Reta, mu gihugu ca Syria, zarishe umutegetsi w’Aba Islamu b’AbaSunni ashigikiye Reta, mu gisagara ca Aleppo, mu buraruko bw’igihugu ca Syria.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, mu gihugu ca Syria, n’ibinyamakuru, radiyo na televiziyo vya Reta, vyatangaje, ejo ku musi wa gatandatu, ko Sheikh Hassan Seifeddine, umuyobozi w’umusigiti, mu gisagara ca Aleppo, mu buraruko bwa Syria, yishwe n’abarwanya ubutegetsi, mu ngwano yakoresheje ibigwanisho bikomeye, yabareye mu gice ca Sheikh Maqsoud, mu gisagara ca Aleppo.

Ivyo bibaye imisi mikeyi, inyuma yuko umwihevyi, yari afise bombe, yiturikije, mu musigiti wa kera, ku murwa mukuru wa Syria, Damas, ahitana umutegetsi w’idini rya Islamu ashigikiye Reta Mohammed al-Buti.

Prezida w’igihugu ca Syria, Bashar al-Assad, yariyemeje, ku musi wa gatanu, kuzimanganya intagondwa, mu gihugu, yagiriza ico gitero, cahitanye abantu bagera kuri mirongo itanu.
XS
SM
MD
LG