Uko wahagera

Amerika na Korea Y’Epfo Vyarapfunditse Amasezerano


Abasirikare b'igihugu ca Korea yo mu bumanuko hamwe n'abasirikare b'abanyamerika bagwanira mu kirere, bariko bakorera hamwe imyimenyerezo ya gisirikare
Abasirikare b'igihugu ca Korea yo mu bumanuko hamwe n'abasirikare b'abanyamerika bagwanira mu kirere, bariko bakorera hamwe imyimenyerezo ya gisirikare

Abategsi ba gisirikare, batangaje ko reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, bateye igikumu ku masezerano.

Ayo masezerano aha abasirikare b’abanyamerika, uruhara rukomeye rwo gukingira igihugu ca Korea yo mu bumanuko mu gihe igihugu ca Korea ya ruguru cogitera.

Ayo masezerano yateweko igikumu ku musi wa gatanu hagati y’umukuru w’intwaramiheto w’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, General Jung Seun-jo hamwe n’umusirikare w’intwazangabo w’abasirikare ba amerika bari mu gihugu ca Korea yo mu bumanuko, General James Thurman.

Mur’ayo masezerano, abasirikare ba reta zunze ubumwe za amerika bazoshobora gufasha abasirikare b’igihugu ca Korea y’epfo, mu bitero vyo kwihora ku gasotoro akariko kose, gakozwe n’igihugu ca Korea ya ruguru.

Imbere y’ayo masezerano, abasirikare b’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, nibo begwa n’ibikorwa vyose vya gisirikare mu gihugu ca Korea ya ruguru, mu gihe abasiriakre ba reta zunze ubumwe za amerika, bofasha mu gihe conye ingwano ikomeye yadutse.
XS
SM
MD
LG