Uko wahagera

Igihugu c’Ubushinois, Carahumurije Africa


President w'igihugu c'Uburusiya, Vladimir Putin, mu buryo, ari kumwe na president w'igihugu c'Ubushinois, Xi Jinping, ku musi wa gatanu, itriki 22 z'ukwezi kwa gatatu, mu mwaka 2013
President w'igihugu c'Uburusiya, Vladimir Putin, mu buryo, ari kumwe na president w'igihugu c'Ubushinois, Xi Jinping, ku musi wa gatanu, itriki 22 z'ukwezi kwa gatatu, mu mwaka 2013

President w’igihugu c’Ubushinois Xi Jinpin yaraye yemeye kw’azokorana n’ibihugu vyo muri Afrika ku rugero rw’ibihugu bingana.

Ico cemezo cari gifise umugambi wo kujijura ibihugu vyo muri Afrika, vyari bifise amakenga ajanye n’ububasha igihugu c’Ubushinois gisigaye gifise ku bihugu vyo mur’iyo ntara.

Mw’ijambo nyamukuru yashikirije abanyaAfrika ari mu gisagara ca Dar-Es-Salaam co mu gihugu ca Tanzania gikomeye mu vyerekeye ubutunzi , umushingantahe Xi yavuze kw’igihugu c’Ubushinois gishimikira ku bungane hagati y’ibihugu vyose, naho ivyo bihugu biba ar’ibihugu bitoyi kandi batagira inguvu.

Yarongeye kandi aratangaza kw’adashigikiye inyifato y’ibihugu bikomeye bishaka gutegeka ibihugu bifise imbaraga nkeyi.

Umushingantahe Xi yashite mu gihugu caTanzania, umusi umwe imbere yuko atangura urugendo mu bihugu bitatu vyo muri Afrika ; urugendo rwiwe rwa mbere agize mu mahanga kuva afashe ubutegetsi mu ntango z’uku kwezi.

Mu kiganiro yahaye abanyatanzania, umushingantahe Xi yaratangaje kw’agiye guteza imbere imigenderanire hagati y’igihugu ciwe hamwe n’ibihugu vyo muri Afrika.

Yarasubiye kandi gutangaza kw’igihugu c’Ubushinois kizoha ibihugu vyo muri Afrika umwenda w’imiliyoni 20 z’amadolari mur’iyi myaka ibiri iri imbere.
XS
SM
MD
LG