Uko wahagera

Ban Ki-moon, Ariyamiriza Coup D’Etat


President Francois Bozize w'igihugu ca Republika ya Centre Africa, ariko aha ikiganiro bamenyeshamakuru i Bangui
President Francois Bozize w'igihugu ca Republika ya Centre Africa, ariko aha ikiganiro bamenyeshamakuru i Bangui

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakngu Ban-Ki moon, yiyamirije coup D’Etat yakozwe mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika.

Umushingantahe Ban ki-moon, ariko aratera akamo abarwanya ubutetsi kabasaba gusubiza igihugu mu nzego zemewe n’ibwirizwa shingiro, bunonyene.

Abarwanyi bo mu runani Seleka mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, bafashe umurwa mukuru Bangui ejo ku musi wa mungu, maze bituma president Francois Bozize anyaga amagara.

Umushingantahe Ban yavuze kw’amakuru ariko aratangazwa yerekeye irtyozwa ry’agateka ka zina muntu, ateye amakenga.

Abantu bavyiboneye bavuga kw’ingwano ikomeye yabereye mur’ico gisagara ejo ku musi wa mungu, kandi bavuga kw’abarwanya ubutegetsi bamaze gufata presidence.

Gushika ubu, nta muntu n’umwe azi neza irengero rya president Bozize. Hari amakuru avuga ko yajabutse urubibe agahungira mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, yamara abategetsi bo mur’ico gihugu, bavuga kw’atarahonyazayo ukuguru.

Umuvugizi wa department ya reta ya Amerika, Victoria Nuland avuga ko reta zunze ubumwe za amerika zitewe umutima uhagaze n’umutekano muke urangwa mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika.

Umufasoni Nuland ariko aratera akamo abarwanya ubutegetsi kabasaba kwubahiriza amategeko; kugarukana umutekano hamwe no guha abanyagihugu ibintu vya gombwa, birimwo amazi n’umuyagankuba.

Abarwanyi bo mu runani Seleka batanguye ibitero vyabo mu kwezi kwa 12.

Mu nyuma bahavuye bumvikana ku masezerano y’amahoro na reta, yamara bagumye barega president Bozize kw’atubahirije ayo masezerano.

Tukiri kur'iyi nkuru nyene, twaraganiye n'umuhinga mu vyerekeye demokrasi mu ntara ya Afrika, yahora mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika mu biganiro bihuza abategetsi bo mur'ico gihugu hamwe n'abagwanya ubutegetsi, Freddy Nkurikiye, araheza aratubwira insiguro y'iivyashitse mur'ico gihugu:

Tumutege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG