Uko wahagera

Ntaganda Yarishikanye Muri Ambassade Ya Amerika


 Bosco Ntaganda aronderwa na sentare mpuzamakungu ariko aha ikiganiro Reuters, i Goma, mu gihugu ca Congo.
Bosco Ntaganda aronderwa na sentare mpuzamakungu ariko aha ikiganiro Reuters, i Goma, mu gihugu ca Congo.

Iyo nkuru yaremejwe n’abategetsi bo muri departement ya reta ya amerika.

Inyuma y’aho Hatangarijwe amakuru avuga ko Bosco Ntaganda, yar’arongoye umurwi urwanya ubutegetsi mu buseruko bw’igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, yahungiye mu gihugu c’Urwanda, umutegetsi wo muri reta y’Urwanda, yavuze kw’ubutungane aribwo buzokwisungwa, mu gihe uyo mugabo yahora arwanya ubutegetsi, yofatwa.

Ku musi wa mbere rero niho hatangazwa amakuru avuga ko Bosco Ntaganda, yishikanye imbere y’abategetsi baserukira reta zunze ubumwe za amerika I Kigali Mu Rwanda.

Aho ayo makuru avuga Ntaganda yahungiye muri reta zunze ubumwe za amerika, Frederic Nkundikije yaragabije umushikiranganji w’Urwanda ajejwe kwivuna abansi Tharacisse karugarama, niba yarafise ayo makuru:

Tubatege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:46 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG