Uko wahagera

Uruganda Rwahuje Abanyapoltike Mu Burundi.


Deo Hakizimana
Deo Hakizimana

Mu ndwi iheze abategetsi bahurikiye mu migambwe itandukanye, bamaraze imisi itatu bari mu ruganda, rwashigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu.

Abo banyapolitik barimwo abarundi baherutse guhunguka, bariko bihweza uburyo bwiza bwo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015.

Urwo ruganda rwuguruwe na vice president wa mbere w’Uburundi, Terrence Sinunguruza, yatanguye amenyesha ko reta yiteguriye gukorana n’iyindi migambwe mu gutunganya inzira izotuma hakoreshwa amatora abaye mu mwidegemvyo, mu mahoro hamwe no mu nzira ya demokrasi.

Abanyapolitike hamwe n’abandi bategetsi batandukanye hamwe n’abari muri societe civile barashitse ku ngingo zashimwe zijanye n’ivyokorwa kugira ngo ayo matora azogende neza.

Twaraganiye n’abakuru b’imigambwe ibiri ikomeye cane mu Burundi, umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, Pascal Nyabenda hamwe n’umukuru w’umugambwe Uprona, professeur Charles Nditije, hamwe na Deo Hakizimana yahiganye mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010, ku giti c’umutegetsi yigenga, inyuma y’aho urwo ruganda rurangiriye, baraheza baratubwira ido n’ido y’ukuntu rwagenze:

Tuabtege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:24:23 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG