Uko wahagera

Raila Odinga Yaritwaye muri Sentare Nkuru y’Igihugu ca Kenya ku Bijanye n’Amatora y’Umukuru w’Igihugu Aherutse Kuba


Raila Odinga
Raila Odinga
Raila Odinga, yatsinzwe, mu matora y’umukuru w’igihugu, muri Kenya, yaritwaye, ejo ku musi wa gatandatu, muri Sentare nkuru, mu kuvuga ko habaye ubusuma, mu guharura amajwi.

Imbere yaho, ejo ku musi wa gatandatu, abapolisi bararashe imyuka ibabaza mu maso, ku bantu bari bakoraniye, ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, kugira bashigikire Odinga.

Umugambwe wa Odinga, Coalition for Reform and Democracy, watangaje ko wishimiye ko Odinga azotsinda urugamba rwiwe, muri Sentare nkuru.

Odinga yaranse kwemera ivyavuye mu matora vyatangajwe icese, mu kuvuga ko habaye ubusuma, mu gikorwa c’uguharura amajwi.

Urwego rujejwe amatora, rwatangaje ko Uhuru Kenyatta ariwe yatsinze amatora, n’ibirenga gatoyi ibice mirongo itanu kw’ijana vy’amajwi, mu vyari bihagije, kugira ntihabe incuro ya kabiri y’amatora.

Abakwirikirana amatora, bo mu gihugu ca Kenya, n’abanyamahanga, batangaje kw’amatora yabaye ,mu mahoro kandi ko ashobora kwemerwa.
XS
SM
MD
LG