Uko wahagera

Muri Venezuela Amatora Azoba Mu Kwa Kane Itari 14


Isanamu ya Video ya president w'igihugu ca Venezuela, Hugo Chavez imbere y'ishule kaminuza rya gisirikare
Isanamu ya Video ya president w'igihugu ca Venezuela, Hugo Chavez imbere y'ishule kaminuza rya gisirikare

Umurwi ujejwe gutunganya amatora mu gihugu ca Venezuela, watangaje kw’igihugu kizokoresha amatora kw’igenekerezo rya 14 ry’ukwezi kwa kane.

Ayo matora azoba afise umugambi wo gutora umukuru w’igihugu azosubirira Hugo Chavez, umutegetsi w’umusicialiste yitavye umuremyi mu ntango z’iyi ndwi, ahitanywe n’ingwara ya Cancer.

Iyo nkuru yatangajwe ejo ku musi wa gatandatu, umusi umwe inyuma y’aho vice president Nicolas Maduro yari yitorewe na president Chavez, arahiriye mu mabanga yo kurongora igihugu, ari president w’imfatakibanza.

Abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko Maduro asa n’uwuzotsinza ayo matora, akaba azohiganwa na Bulamatari Henrique Capriles wo mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abakuru b’ibihugu umunani vyo muri Amerique latine hamwe n’abakuru b’ibihugu vyo mu mahanga hamwe na banyecibahiro, bari bagiye mu birori vyo gufuba umushingantahe Chavez.

Reta zunze ubumwe za amerika, zarungitse intumwa ziziserukira.
XS
SM
MD
LG