Uko wahagera

Uhuru Kenyatta Ari Imbere mu vya Mbere Vyavuye mu Matora y’Umukuru w’Igihugu muri Kenya


Uhuru Kenyatta ariko aratora mu gice ca Gatundu Gatundu, muri Kenya
Uhuru Kenyatta ariko aratora mu gice ca Gatundu Gatundu, muri Kenya
Ivya mbere, vyavuye mu matora, mu gihugu ca Kenya, vyerekana ko Uhuru Kenyatta ari imbere, mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mu gihe hafi y’ibice cumi kw’ijana, vy’ibibanza vy’amatora, vyatangaje amajwi y’abatoye, Kenyatta yari imbere y’uwo bahiganwa, amwegereye, Raila Odinga ,n’ibice 56 kw’ijana vy’amajwi, ku bice mirongo ine kw’ijana vy’amajwi.

Uhuru Kenyatta, muri iki gihe, ari icegera c’umushikiranganji wa mbere, yagirijwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ko yafashije gutegura ubwicanyi bufatiye ku bwoko, bwakwirikiye amatora y’umukuru w’igihugu, yo mu mwaka w’2007.

Abantu barenga igihumbi n’ijana barishwe, muri ubwo bwicanyi.

Amatora y’ejo, ku musi wa mbere, mu gihugu ca Kenya, yabaye mu mahoro, muri rusangi, naho amasaha makeyi, imbere yuko amatora atangura, abantu cumi na batatu, canke barenga, harimwo abapolisi indwi, bishwe, mu gice c’igihugu ,ca Kenya, kiri ku nkengera z’ibahari Indien.
XS
SM
MD
LG