Uko wahagera

Muri Sudani, Abantu 53 Barishwe Muri Darfur


Abantu Bataye Izabo mw'ikampi yo mu gihugu ca Sudani
Abantu Bataye Izabo mw'ikampi yo mu gihugu ca Sudani

Iyo ngwano yadutse hagati mu Barabu badasangiye amoko, yarahitanye ubuzima bw’aabntu bashika 53.

Abanyagihugu hamwe n’abatetetsi bo mur’iyo ntara bavuga kw’abagwanyi bafise ibigwanisho bikomakomeye bo mu bwoko bw’abaRizeigat, bakoze igitero mu gisagara ca El Sireaf ejo ku musi wa gatandatu.

Ibiro vy’abarafaransa bijejwe gutangaza amakuru bivuga kw’abo bagwanyi bakoze ico gitero bari bafise ibikoho bikomakomeye, baturiye amazu arenga 20.
Umwuka mubi wari hagati y’imirwi y’abarabu idacana uwaka, wariyongeye mu mezi aheze.

Mu kwezi kwa mbere, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu ntara ya Darfur yo mu gihugu ca Sudani, UNAMID, vyaratangaye kw’ ingwano yabaye hagati y’abo banyagihugu bo mu bwoko bw’arabu ivuye ku kugwanira inzahabu mu buraruko bw’intara ya Darfur, yatumye abanyagihugu ibihumbi 700, bata ingo zabo.
XS
SM
MD
LG