Uko wahagera

Ubutare Bwa Diamant Bwarasahuwe I Buruseri


Apolisi bo ku kibanza c'Indge i Buruseri, bugara n'igufuri umuryango winjira ku kibanza c'indege
Apolisi bo ku kibanza c'Indge i Buruseri, bugara n'igufuri umuryango winjira ku kibanza c'indege

Abapolisi bo ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi, Buruseli, batangaje kw’abasuma bashoboye guhunga, batwaye umukimba w’ubutare bwa Diamand.

Izo Diamant zari zifise agaciro k’amadolari imiliyoni 50, mu gitero gikomeye bakoze ku kibanza c’indege.

Amakuru ariko aratangazwa, avuga kw’umurwi w’abantu bitwaje ibigwnaisho, bambaye ibintu bibahisha mu maso, binjiye ku nguvu bajabutse intsinga hamwe n’inzitizi z’umutekano ku kibanza c’indege co ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi, Buruseli ejo ku musi wa mbere ku mugoroba, maze bagashika hafi y’indege, bari mu mudoka yabo, bagaca biba izo Diamant zari mu mudoka ya minivan y’umutekano, aho izo Diamant zariko zirinjizwa mu ndege itwara imizigo, yategerezwa kuja mu gihugu c’Ubusuisse.

Abategetsi bavuga kw’abo basuma bashoboye kurangura ico gikorwa mu kanya gaharurwa mu minota mikeyi, kandi ata rusase, barinze kurasa.

Mu nyuma abapolisi baratoye imodoka yaturiwe, hafi y’ikibanza c’indege.

Umuvugizi w’ibiro vya Diamand bifise icicaro mu gisagara ca Anverse, mu gihugu c’Ububirigi, vyitwa Antwerp World Diamond, yaremeje iyo nkuru kw’izo Diamant zari zifise agaciro k’amadolari imiliyioni 50.

Yabwiye ibiro vy’abafaransa bijejwe gutangaza amakuru, kw’ubwo, aribwo busuma bwa mbere bukomeye bwa Diamant, bubaye.
XS
SM
MD
LG