Uko wahagera

Umugambwe wa prezida wa Tunisia, Utagendera ku vyiyumviro ry’Idini rya Islamu Uzova Muri Reta


Prezida wa Tunisia, Moncef Marzouki
Prezida wa Tunisia, Moncef Marzouki
Umugambwe utagendera ku vyiyumviro vy’idini rya Islamu, mu gihugu ca Tunisia, wa prezida, Moncef Marzouki, watangaje kw’uzova muri Reta y’urunani iyobowe n’Aba Islamu, kubera ishavu, ku kugene Reta yavyifashemwo, inyuma y’igandagurwa, mu ndwi iheze, ry’umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta, Chokri Belaid.

Iyicwa ry’uwo munyepolitike, ryarateye ibibazo muri Reta, no mu gihugu, bikaba vyarongereje ukutumvikana, hagati y’umugambwe ukomeye w’aba Islamu, Ennahda, n’abo badacana uwaka, batagendera ku vyiyumviro vy'idini rya Islamui.

Umutegetsi w’umugambwe, Congres pour la Republique, mu mpfunyapfunyo, CPR, yatangaje, ejo ku musi w’Imana, kw’umugambwe wiwe wagabishije kw'uzova muri Reta, niyo abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’ubutungane batasubirirwa.

Umugambwe CPR ,waranebaguye ukugene abo bashikiranganji babiri, baranguye amabanga yabo.

Umugambwe w’Aba Islamu Ennahda, niwo watsinze amatora ya mbere yaranzwe n’ubwigenge, mu gihugu ca Tunisia. Imigambwe itagendera ivyiyumviro vy'idini nayo nyene irafise ibibanza bikeyi muri Reta.

Umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta, yagandaguwe, Chokri Belaid, yari umwe mu banebagura bikomeye umugambwe ugendera kw’idini, Ennahda, iyicwa ryiwe bikaba vyatumye haterwa akamo kuko hoshirwaho Reta nshasha.

Uruhagarara, n’ubwicanyi bw’intagondwa z’Aba Islamu ,vyariyongeye mu gihugu ca Tunisia.

Ejo ku musi w’Imana, igihugu ca Tunisia cari gitekanye, muri rusangi, inyuma y’imisi itatu y’imyiyerekano, mu gihughu cose, inyuma y’urupfu rwa Chokri Belaid.

Abapolisi bajejwe kurwanya imigumuko, baragenzuye amabarabara y’umurwa mukuru, Tunis.
XS
SM
MD
LG