Ivyo bibaye haheze umusi umwe umwiyahuzi yiboheko bombe akoreye igitero ku kirindiro ca gisirikare, hafi y’ico gisagara co mu buraruko.
Umuvugizi w’igisirikare c’igihugu ca Mali hamwe n’abantu bavyiboneye, bavuga kw’abo bagabo babiri bafatiwe kw’ibarabara rigana mu gisagara ca Gao.
Abasirikare b’igihugu ca Mali baciye bakomeza igikorwa co gucungera umutekano, inyuma y’aho habereye igitero ku musi wa gatanu. Umumenyeshamakuru wo mur’ico gisagara, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’ico kibombe caturikirijwe ku metero cumi z’ikirindiro ca gisirikare.
Umurwi w’abagwanyi witwa MUJAO, waratangaje kw’ariwo wakoze ico gitero co ku musi wa gatanu. Uyo murwi waratangaje kandi kw’uzobandanya gukora ibindi bitero ku basirikare b’igihugu ca Mali, ngo kuko bifatanije n’abo, uyo muwi wita kw’arabansi ba Islamu.
Uyo murwi n’umwe mu mirwi yitwaje ibigwanisho, yari yarigaruriye intara zitari nke zo mu buraruko bw’igihugu, imbere y’uko abasirikare b’abaFaransa, binjira gutabara mu kwezi kwa mbere.
Radio France International, ku musi wa gatanu, yaratangaje amakuru avuga kw’abategetsi bo mu gihugu ca Mali, batanze umutahe wo guhagarika umukuru w’umurwi MUJAO; umukuru w’umurwi Ansar Dine hamwe n’umukuru w’umurwi w’abaTouareg, uzwi kw’izina MNLA. Iyo mirwi yose uko ar’itatu, yaragirijwe uruhara mu mutekano muke waranzwe mu buraruko bw’igihugu. Amakuru yerekeye ubwicanyi bwabaye ku musi wa gatanu, yaratumye iyindi nkuru ikomeye y’abasiriakare 70 bo mu bihugu vy’ibulaya barungitswe kwigisha no kumenyereza abasirikare b’igihugu ca Mali, idatangazwa cane.
Abo nibo basirikare ba mbere, mu basirikare 500 bazoja kwigisaha hamwe no kumenyereza abasirikare b’igihugu ca Mali.