Uko wahagera

Abasenateur Muri Amerika Ku kibazo C’Abimukira.


Kuzey Hindistan'ın Amristar şehrinin banliyösü Manawala beldesinde tulumba suyu ile serinleyen bir çocuk.
Kuzey Hindistan'ın Amristar şehrinin banliyösü Manawala beldesinde tulumba suyu ile serinleyen bir çocuk.

Uyo murwi w’abasenateru washikirije umguambi wo kunagura amategeko agenga abimukira muri Amerika.

Umurwi wakoreye hamwe ugizwe n’abasenateru b’aDemokrate hamwe n’abaRepublika watangaje uyo mugambi urimwo inzira izoshikana abimukira ku bunyagihugu, ejo ku musi wa mbere.

Umwe mur’abo basenateur umunani, Charles Schumer, yavuze kw’uyo mugambi ugoye,yamara ngo ar’umugambi mwiza uzoshikana abantu ku bunyagihugu.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa mbere I Washington, senateur w’umuDemokrate aserukira intara ya New York, yavuze ko president Barack Obama, anezerejwe n’ingingo abo basenateur bapfunditse.

Marco Rubio, umusenateur w’umurepublika aserukira intara ya Florida, yavuze kw’abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka, bategerezwa gukemura ikibazo c’abantu imiliyoni 11 bari muri reta zunze ubumwe za amerika mu buryo buteye kubiri n’amategeko, bakongera kandi bakuzuriza abantu bariko barondera ubunyagihugu bwo muri Amerika, babicishije mu mategeko.

Abo basenateur bavuze kw’amategeko yo muri reta zunze ubumwe za amerika agenga abimukira muri reta zunze ubumwe za amerika, yasambutse.

Barashikirije ingingo bumvikanyeko, umusi umwe imbere y’uko president Barack Obama ashikiriza ijambo rikomeye uyu musi ku wa kabiri, ritera akamo, gasaba ingingo zinagura amategeko agenga abimukira muri reta zunze ubumwe za amerika.
XS
SM
MD
LG