Uko wahagera

AbaFaransa Hamwe N’abanyaMali, Barafashe Gao.


Inteko ziva mu gihugu ca Nigeria zarungitswe mu gihugu ca Mali mu gikorwa co gucungera umutekano
Inteko ziva mu gihugu ca Nigeria zarungitswe mu gihugu ca Mali mu gikorwa co gucungera umutekano

Abategetsi bo mu Bufaransa, batangaje kw’abasirikare b’igihugu ca Mali bafashwa n’abafaransa, basubiye kwigarurira igisagara gikomeye ca Gao.

Ico gisagara cahora ar’icicaro c’’abaislamu b’intagondwa, kiri mu buraruko bw’igihugu..
Ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubufaransa bujejwe kwivuna abansi, ejo ku musi wa gatandatu, bwaratangaje kw’inteko zivuye mu gihugu ca Nigeria hamwe n’inteko zivuye mu gihugu ca Chad, zinjiye mur’ico gisagara mu gikorwa co gufasha gucungera umutekano. Ubwo bushikiranganji bwavuze kandi kw’umukuru w’ico gisagara, yari yarahungiye ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako, yari mu nzira, ariko aratahuka.

Umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika, ari mu gihugu ca Mali, Idrissa Fall, avuga kw’irungikwa ry’abo basirikare mu gisagara ca Gao, rihambaye cane kuko ico gisagara cari gicumbitswemwo n’imirwi irwanya ubutegetsi.

Ejo ku musi wa gatandatu mu gitondo, abasirikare b’abaFransa hamwe n’abasirikare b’abanyaMali, barasubiye kwigarurira ikibanza c’indege co mu gisgara ca Gao hamwe n’ikiraro gikomeye kiri mu mur’iyo micungararo.

Umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi, Jean Yves Le Drian, yavuze kw’abasirikare bakoresheje ibitero vy’indege hamwe n’abasirikare bagwanira hasi, mu gikorwa co kugabanya uburyo bwo kwiyunguruza bw’abarwanya ubutegetsi.
XS
SM
MD
LG