Uko wahagera

President Obama Mu Mabanga Yo Kurongora Igihugu


ایک تحقیقاتی رپورٹ میں کہا گیا ہے کہ دنیا بھر میں آباد لگ بھگ 30 فیصد افراد موٹاپے یا معمول سے زائد وزن کا شکار ہیں۔
ایک تحقیقاتی رپورٹ میں کہا گیا ہے کہ دنیا بھر میں آباد لگ بھگ 30 فیصد افراد موٹاپے یا معمول سے زائد وزن کا شکار ہیں۔

Kw’igenekerezo rya 21 ry’uku kwezi kwa mbere, president Barack Obama azorahira mu mabanga yo gusubira kurongora igihugu.

Abanyagihugu baharurwa mu maliyoni bazoba bishikiye imbere y’inyubakwa ya Congres ya Amerika, aho bitegekanijwe ko president Barack Obama azorahira mu mabanga yo kurongora igihugu mu kiringo ciwe ca kabiri, arico ca nyuma.

Abajejwe gutunganya ivyo birori vy’akataraboneka, bagize imisi barorera ukuntu imyimenyerezo y’abazogira uruhara mur’ivyo birori.

Bitegekanijwe ko president Obama ashikiriza ijambo rikomeye, akongera akagaragaza intumbero hamwe n’imigambi ya reta yiwe.

Abahinga bakwirikirana politike ya reta zunze ubumwe za amerika bavuga ko naho bibaza kw’azoshobora kurangura imigambi yiwe yose yishinze, ngo ibintu ntizokworoha, kuko hari ibibazo bitari bike vy’ubutunzi hamwe n’imibano, bitaratorerwa umuti gushika ubu:

Twaraganiye n’abarundi b’abanyamerika baba muri reta zunze ubumwe za amerika, bakwiririkiranira hafi politike ya Amerika, bafise kandi n’umugambi wo kwishikira mur’ivyo birori, aho bukera, Pamphile Gasana hamwe na Jean Berchmans Manirakiza:

Tutege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:22:52 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG