Abanyagihugu baharurwa mu maliyoni bazoba bishikiye imbere y’inyubakwa ya Congres ya Amerika, aho bitegekanijwe ko president Barack Obama azorahira mu mabanga yo kurongora igihugu mu kiringo ciwe ca kabiri, arico ca nyuma.
Abajejwe gutunganya ivyo birori vy’akataraboneka, bagize imisi barorera ukuntu imyimenyerezo y’abazogira uruhara mur’ivyo birori.
Bitegekanijwe ko president Obama ashikiriza ijambo rikomeye, akongera akagaragaza intumbero hamwe n’imigambi ya reta yiwe.
Abahinga bakwirikirana politike ya reta zunze ubumwe za amerika bavuga ko naho bibaza kw’azoshobora kurangura imigambi yiwe yose yishinze, ngo ibintu ntizokworoha, kuko hari ibibazo bitari bike vy’ubutunzi hamwe n’imibano, bitaratorerwa umuti gushika ubu:
Twaraganiye n’abarundi b’abanyamerika baba muri reta zunze ubumwe za amerika, bakwiririkiranira hafi politike ya Amerika, bafise kandi n’umugambi wo kwishikira mur’ivyo birori, aho bukera, Pamphile Gasana hamwe na Jean Berchmans Manirakiza:
Tutege amatwi: