Umugambwe Muslim Brotherhood warateye akamo ejo ku musi wa gatandatu, gasaba imyiyerekano nk’iyo mu gihugu cose, yo gushikigira umushingantahe Morsi hamwe n’integuro y’ibwirizwa shingiro, rizoshirwa imbere y’abanyagihugu kugira baritore canke baryiyamirize.
Ejo ku musi wa gatangatu kandi, abandi banyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, barabandanije kugira imyiyerekano ku musi ugira icenda, yo kwiyamiriza president Morsi hamwe n’iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro.
Amasentare ya reta, yari yifatanije n’abacamanza bariko baragira imyiyerekano ku musi wa gatanu yo kwiyamariza ingingo yafashwe na president Morsi, imuha ububasha budasanzwe.
Abacamanza ba reta, baratangaje ko bahagaritse akazi, kiretse ibikorwa vyihutirwa, bongera barasaba president Morsi gufuta iyo ngingo, imushira hejuru y’ubucamanza.
Umushingantahe Morsi amaze igihe ahanganye n’abacamanza, benshi muribo batavuga rumwe n’abashingamateka bahurikiye mu mugambwe Muslim Brotherhood, bagwiriye mu nama nshingamateka. President Morsi yahora ari mu murwi Muslim Brotherhood.