Uko wahagera

AbanyaMisiri B’AbaIslamu, Barashigikiye Morsi


이집트 카이로 대학에서 무함마드 무르시 대통령 지지 시위를 벌이는 시민들
이집트 카이로 대학에서 무함마드 무르시 대통령 지지 시위를 벌이는 시민들

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bashigikiye president Morsi, barakoze imyiyerekano yo ku mushigikira, imbere ya kaminuza yo ku murwa mukuru.

Umugambwe Muslim Brotherhood warateye akamo ejo ku musi wa gatandatu, gasaba imyiyerekano nk’iyo mu gihugu cose, yo gushikigira umushingantahe Morsi hamwe n’integuro y’ibwirizwa shingiro, rizoshirwa imbere y’abanyagihugu kugira baritore canke baryiyamirize.

Ejo ku musi wa gatangatu kandi, abandi banyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, barabandanije kugira imyiyerekano ku musi ugira icenda, yo kwiyamiriza president Morsi hamwe n’iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro.

Amasentare ya reta, yari yifatanije n’abacamanza bariko baragira imyiyerekano ku musi wa gatanu yo kwiyamariza ingingo yafashwe na president Morsi, imuha ububasha budasanzwe.

Abacamanza ba reta, baratangaje ko bahagaritse akazi, kiretse ibikorwa vyihutirwa, bongera barasaba president Morsi gufuta iyo ngingo, imushira hejuru y’ubucamanza.

Umushingantahe Morsi amaze igihe ahanganye n’abacamanza, benshi muribo batavuga rumwe n’abashingamateka bahurikiye mu mugambwe Muslim Brotherhood, bagwiriye mu nama nshingamateka. President Morsi yahora ari mu murwi Muslim Brotherhood.
XS
SM
MD
LG