Mur’iki gihe vyitezwe kw’umurwi M23 urwanya ubutegetsi mu buseruko bw’igihugu ca Republika ya Congo iharanira Demokrasi, uva mu gisagara ca Goma, reta ya Congo iriko irashikiriza ibirego bivuga kw’abagwanyi bo mu murwi M23, bagandaguye abanyagihugu, kandi ngo no mur’iki gihe bariko basahura mu gisagara ca Goma.
Umuvugizi w’uyo murwi aba mu gisagara ca Ottawa muri Canada, arahakana ivyo birego. Umushingantahe Jeannot Ruzima yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika kw’ibirego vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Croix Rouge hamwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu, ar’ ibinyoma vyambaye ubusa.
Umushingantahe Ruzima avuga kandi kw’abarwanya ubutegetsi ata nyungu n’imwe bafise mu kugira ingwano, ahubwo baba bariko barivuna abasirikare ba reta ya Congo, batangura kubasotora kuko reta ya Congo iba iriko iranka gushira mu ngiro amasezerano yapfunditswe hagati yabo na reta ya Congo:
Mushobora kwumviriza iki kiganiro: