Uko wahagera

Ivyiyumviro kuri Reta Ya Cote D’ivoire


Ivory Coast's President Alassane Ouattara (C) poses with officials of his new government at the presidential palace in Abidjan November 22, 2012. REUTERS/ThierryGouegnon (IVORY COAST - Tags: POLITICS)
Ivory Coast's President Alassane Ouattara (C) poses with officials of his new government at the presidential palace in Abidjan November 22, 2012. REUTERS/ThierryGouegnon (IVORY COAST - Tags: POLITICS)

Mu gihugu ca Cote D’Ivoire, harabonetse Reta nshasha, yamara hacarari ikibazo c’umutekano.

Ingingo ya president Ouattara yo gukura reta kw’igenekerezo rya 14 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe, yaratangaje abanyagihugu bo muri Cote D’Ivoire batari bake. Insiguro zatanzwe zivuga ko president yari yashavujwe n’impari zidahera yama yagize n’imigambwe iri mu runani, zihagaze ku ngingo yo guhindura amategeko agenga abubatse.

Yamara abantu bihweza ibintu n’ibindi, bavuga kw’izo mpari, zabaye icitwazo.
Iyo nama nshikiranganji yakuwe, yari yagenywe inyuma y’indyane zamaze amezi atandatu, inyuma y’aho habereye amatora. Ingwano yatanguye inyuma y’aho president Laurent Gbagbo yahora atwara igihugu ca Cote D’Ivoire, yankiye kwemera ko yatsinzwe n’umushingantahe Ouattara, mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe, mu mwaka w’2010.

Bamwe mu bategetsi bagenywe ico gihe, bagenywe mu mugambi wo kwerekana kw’umushingantahe Ouattara yipfuza gukorana n’abandi, kugira ngo ashobore gushigikirwa n’urunani, gushika ubu, rukorana mu buryo budashemeye.

Abantu bihweza ibintu n’ibindi, bavuga kw’inama nshikiranganji nshasha, ari inama nshikiranganji ntoyi, imeze nk’iya kera.

Umushingantahe Ouattara yarahinduye abashikiranganji bamwe bamwe, araheza abaha ubushikiranganji bushasha, yongera aha abandi bashikiranganji, amabanga yo kurongora ubushikiranganji bubiri:

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati hamwe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, ntibahindutse.

Umushikiranganjji mushasha Daniel Kablan Duncan, niwe kandi ar’umuhikiranganji ajejwe ubutunzi. Umushingantahe Duncan, co kimwe n’umushingantahe Ouattara, yanonosoye ivyerekeye ubutunzi, kandi ngo n’umugenzi wiwe.

Duncan, ntari mu mugambwe umwe na president. Ava mu mugambwe, PDCI; umugambwe w’umushikiranganji wa mbere wa kera. Igenwa ryiwe, riragumijeho urunani, abantu benshi bavuga ko rugoyagoya.

Abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko ku vyerekeye imigambi y’igihugu, umushingantahe Ouattara, yakoze intambwe ikomeye cane mu kunagura ubutunzi bw’igihugu, yamara, ngo ntategerezwa kurekera ngaho gusa.

Ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana ingorane ziri mu bihugu bitandukanye, The International Crisis Group, ryarashikirije raport mur’iyi ndwi, ivuga kw’imigambi yaghaaze yo kunagura umutekano utifashe neza, hamwe n’ukubona imigambi yo kwumvikana n’abategetsi bari bacuditse na Gbagbo, ataco yashitseko, bikiri intambamyii zikomeye.

Igisirikare c’igihugu gishasha, citwa, Forces Republicaines de la Cote D’Ivoire, cafashe ikibazo c’umutekano mu minwe yaco, kuva ingwano irangiye mu mezi 18 aheze.

Igisirikare kigizwe ahanini n’abahoze bari mu murwi urwanya ubutegetsi wahora witwa New Forces, wahora utwara uburaruko bw’igihugu ca Cote D’Ivoire kuva mu mwaka w’2002 gushika mu mwaka w’2010, hanyuma mu mwaka w’2011, ugatangura ibitero vyo kwomora president yahora atwara igihugu ca Cote D’Ivoire, Laurent Gbabgbo, maze bashikana ku butegetsi, umushingantahe Ouattara.

Amashirahamwe ajejwe guharanira agateka ka zina muntu, yaragirije abo basirikare ko bartyojeje agateka ka zina muntu.

Rinaldo Depagne, umutegetsi mu biro vy’ishirahamwe International Crisis Group bikorera mu burengero bwa Afrika, avuga kw’abasirikare bashize ku ruhande abapolisi hamwe n’abagendarme, bagwiriyemwo abashigikiye Gbabgo.

Avuga kw’umushingantahe Ouattara, afise ububasha bukeyi cane ku bajejwe umutekano.

Biragoye kwumva ukuntu atofata ingingo yo kubaha agahembo. Biramugoye kubona adafise ububasha ku ruhande runini rw’abasirikare, bahora bari mu murwi urwanya ubutegetsi.

Ategerezwa kubaha umwidegemvyo mukeyi, ntatgerezwa kubareka ngo bakore ivyo bashatse: Ntibategerezwa gutegeka ibintu badakwiye kuba bariko barategeka.

Ishirahamwe The International Crisis Group, rivuga ko president Ouattara ahanzwe n’abantu bamugarariza bahora bacuditse na Gbagbo, kandi benshi muribo bari mu buhingiro mu gihugu ca Liberia hamwe no mu gihugu ca Ghana.

Reta y’umushingantahe Ouattara irega abo bantu kw’aribo baherutse gutunganya ibitero vyakozwe ku birindiro vy’abasirikare mu gihugu ca Cote D’Ivoire.

Depagne avuga ko bitazokworohera president Ouattara guhagarika ivyo bintu. Avuga kw’igihugu ca Ghana gikwiye gukora ibisumbirije.

Raport y’ishirahamwe The International Crisis group, iratera akamo reta ya president Ouattara, kayisaba gutangura ibiganiro n’abashigikiye Gbagbo bakunda amahoro, kugira ngo ishire imbere umutima wo kurekuriranira, hamwe no kwongereza utwigoro two gukorera hamwe hagati y’imirwi itandukanye y’inzego zijejwe umutekano.

Iyo raport ivuga ko bitagenze gurtyo, reta ishobora gusanga iriko igira amakosa ameze nk’amakosa yahora akorwa na reta zahitiye, zitigeze zishobora gukura igihugu mu kaga.
XS
SM
MD
LG