Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, ryarashigikiye umugambi w’ukurungika inteko gufasha gutuza intagondwa z’Aba Islamu mu bureruko bw’igihugu ca Mali.
Inyuma yuko ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika rifashe iyo ngingo ku musi wa kabiri, itegerezwa kwemezwa n’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi.
Umukuru w’urwego rw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika rujejwe amahoro n’umutekano, Ramtane Lamamra yasavye ishirahamwe O-N-U kurekurira mu ntango irungikwa ry’inteko mu kiringo c’umwaka.
Yatangaje kw’uwo mugambi ugenewe gusubira gufata uburaruko bw’igihugu ca Mali, gusambura imirwi y’iterabwoba, n’ukugarukana ubutegetsi bwa Reta mu bice vyose vy’igihugu ca Mali.
Reta y’infatakibanza y’igihugu ca Mali yasavye irungikwa ry’izo nteko gufasha gutuza imirwi y’Abagwanyi b’Aba Islamu bafashe uburaruko bw’igihugu ca Mali inyuma ya coup d’etat mu kwezi kwa gatatu yatembagaje Reta ya ri yavuye mu matora mu gihugu ca Mali.
Ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, C-E-D-E-A-O ryaremeje irungikwa ry’inteko ibihumbi bitatu muri Mali ku musi w’Imana mu kiringo c’umwaka.