Prezida wa Amerika, Barack Obama yaratangajwe kw'ariwe yatsinze intara yabayemwo ihiganwa rikomeye ya Florida, imisi ine inyuma yuko atsindiye gusubira kuyobora Amerika, mu kindi kiringo c’imyaka ine.
Intara ya Florida, iri mu bumanuko bwa Amerika, niyo ntara yonyene yari ikiriko iraharura amajwi, inyuma y’amatora ya prezida, yo ku musi wa kabiri.
Departement ya Reta ya Florida, yatangaje ko prezida Obama yaronse, ibice mirongo itanu kw’ijana vy’amajwi, mu gihe uwo bahiganywe w’Umurepublika, Mitt Romney, yaronse mirongo icenda n’igice kimwe kw’ijana vy’amajwi. Prezida Obama akaba yasumbije Romney, amajwi agera ku bihumbi mirongo irindwi na bine
.
Prezida Obama, yaza yaronse amajwi akomakomeye, arenga amajana abiri na mirongo irindwi, akenewe kugira atnsindire kirindi kiringo c’ukuyobora Amerika.
Kubera intsinzi ya prezida Obama mu ntara ya Florida, ifise amajwi akomakomeye mirongo ibiri n’icenda, yatsindiye, muri rusangi, amajwi akomakomeye amajana atatu na mirongo itatu n’abiri, mu gihe Romney yaronse amajwi akomakomeye amajana abiri n’atandatu.