Uko wahagera

Obama Na Romney, Mu Misi Ya Nyuma Yo Kiyamamaza


President Obama ari kumwe na president Clinton, imbere y'uko batangura ikoraniro
President Obama ari kumwe na president Clinton, imbere y'uko batangura ikoraniro

Ikiringo co kwiyamamaza kirarangira kur’uyu wa mbere.

President wa reta zunze ubumwe za amerika Barack Obama hamwe n’umurepublika Mitt Romney bariko barahiganwa, bariko baracanako mu ntara zitandukanye, mur’iki gihe hasigaye umusi umwe, ngo amatora abe.

Mu ntara ya mbere yaciyemwo ku musi wa mungu, president Obama yaragendeye ababanyagihugu bo mu ntara ya New Hampshire, aho yavuze kw’inyuma y’imyaka ine amaze ku butegetsi, gushika ubu, ariwe ashobora guhindura ibintu muri Amerika.

Yaciye aja mu bumanuko bw’intara ya Florida, imbere y’uko aja mu ntara ya Ohio, no mu ntara ya Colorado, yaherejemwo.

Kur’uyu musi wa mbere, president Obama ahava aja mu ntara ya Wisconsin hamwe no mu ntara ya Iowa, hanyuma yongere akoreshe ikoraniro mu ntara ya Ohio, imbere y’uko aja mu gisagara ciwe yahora abamwo ca Chicago, arinaho azoba ari igihe ivyavuye mu matora, bizotangazwa ejo ku musi wa kabiri mw’ijoro.

Ku rundi ruhande naho, umushingantahe Romney yarakoresheje ikoraniro mu ntara ya Iowa, imbere y’uko aja mu ntara ya Ohio, Mu ntara ya Pennsylvania hamwe no mu ntara ya Virginia.

Uyu musi ku wa mbere, bitegekanijwe kw’ahava aja mu ntara ya Florida imbere y’uko asubira mu ntara ya Virgnia, Ohio na New Hamshire. Igihe ivyavuye mu matora amatora bizotangarizwa ejo ku musi wa kabiri, umushingantahe Romney azoba ari mu gisagara ca Boston, mu ntara ya Massachusetts.

Ibiharuro bitohozwa, vyerekana kw’abo bategetsi basa n’abanganya amajwi mu ntara zikomeye: Colorado, Florida, Ohio hamwe na Virginia.

President ari imbere gatoyi mu ntara ya Ohio hamwe no m u ntara ya Virginia, mu gihe umushingantahe Romney ari imbere mu ntara ya Colorado. Abo bategetsi basa n’abanganya mu ntara ya Florida.

Izo ntara uko ari zine, nizo ntara bita “ Swing States” zitanga uburenganzira bwo gushikana amajwi 270, atuma umunyapoltike atsinda amatora y’umukuru w’igihugu muri Amerika.
XS
SM
MD
LG