Uko wahagera

Prezida w’Ubufransa, Francois Hollande Yaragendeye Libani


Prezida wa Libani, Michel Suleiman, na Prezida w'Ubufransa, Francois Hollande,i Beirut, muri Libani ejo ku musi w'Imana.
Prezida wa Libani, Michel Suleiman, na Prezida w'Ubufransa, Francois Hollande,i Beirut, muri Libani ejo ku musi w'Imana.
Francois Hollande yagize urugendo rwiwe rwa mbere, mu gihugu ca Libani, mu mabanga yiwe ya prezida w’Ubufransa, ejo ku musi w’Imana. Prezida Hollande yatangaje kw’ashigikiye umutekano, mu gihugu ca Libani ,mu biganiro yagiranye, na prezida wa Libani, Michel Suleiman.

Urwo rugendo, rwamaze amasaha atatu, imbere yuko aja mu gihugu ca Arabia Saudite. Rwaje mu gihe urunani rw’abadashigikiye ukwisuka kw’igihugu ca Syria, mu biraba igihugu ca Libani, batangaje imigambi y’ukwihoza Reta, bakaba basavye umushikiranganji wa mbere, Najib Mikati, gutanga imihoho.

Ivyo vyakwirikiye igitero ca bombe, yari yatezwe mu modoka, cahitanye umutegetsi komeye ajejwe iperereza, muri Libani n’abandi bantu batari bake, ku murwa mukuru wa Libani, Beirut, kw’italiki cumi n’icenda ,z’ukwezi kw’icumi.

Prezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yaravuze, kuri ico gitero, mu kiganiro yatangiye hamwe na prezida Suleiman.

Prezida Hollande, yavuze ko yaje mu gihe gihambaye, inyuma y’igandagurwa ry’umutegetsi akomeye ajejwe iperereza, Wissam al Hassan, akaba yavuze kw'ashaka kwifatanya n’Abanyalibani.

Abatavuga rumwe na Leta ya Libani, n’abo bacuditse, bagirije Reta y’umushikiranganji wa mbere, Najib Mikati, ko yakoranye n’abategetsi b’igihugu ca Syria, mu gutegura igitero cagizwe kuri Wissam al Hassan.
XS
SM
MD
LG