Uko wahagera

Amatora Y’Umukuru W’igihugu Muri Amerika


U.S. President Barack Obama speaks at a campaign event at the University of Colorado Boulder, November 1, 2012.
U.S. President Barack Obama speaks at a campaign event at the University of Colorado Boulder, November 1, 2012.

Abategetsi bariko baritoza mu matora yo muri Amerika, basa n’abanganya.

President wa reta zunze ubumwe za amerika Barack Obama hamwe na bulamatari Mitt Romney bariko barahiganwa, bariko baracanako mu ntara zitandukanye, mu kwitegurira amatora yo ku musi wa kabiri hamwe no mu kujijura abanyagihugu bo mu ntara zikomeye cane, zizotuma haboneka uwutsinda amatora, ngo babatore.

Amajwi ariko aratohozwa yerekana kw’abo bategetsi basa n’abanganya mu ntara za Colorado, Florida, Ohio na Virginia. President Obama, arusha Romney amajwi makeyi mu ntara ya Ohio no mu ntara ya Virginia, mu gihe umushingantahe Romney ari imbere gatoyi mu ntara ya Colorado. Abo bategetsi baranganya mu ntara ya Florida.

Izo ntara zine, ziri mu ntara nkeyi bita “Swing States” zishobora gutuma umwe mur’abo banyapolitike aronka amajwi 270, akenewe kugira ngo atsindire ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Igihe yariko ariyamamaza mu ntara ya New Hampshire ku musi wa gatandatu mu gitondo, umushingantahe Romney yarasubiye gushikiriza ibineguro yama anegura president Obama, akaba yabwiye abanyagihugu bamushigikiye ko president atashoboye kurangura imigambi yemeye.

Ku musi wa gatandatu nyene, igihe yariko ariyamamaze mu ntara ya Ohio, president Obama nawe yaranebaguye umushingnatahe Romney. President yavuze kw’imigambi nyakuri ya Mitt Romney yahoze ari bulamatari w’intara ya Massachusetts, itajanye n’imigambi ariko arashikiriza, avuga kw’ishobora gutuma ibindi bihinduka.
XS
SM
MD
LG