Uko wahagera

Ikibazo c’ibiganiro vya Radiyo Ijwi rya Amerika bitumvikana neza.


Benshi mu bakwirikirana ibiganiro vy’Ijwi rya Amerika mu Rwanda batangaza kw’ibiganiro vyacu mu Kirundi n’Ikinyarwanda bitumvikana neza kubera biguma bicikagurika mu misi ya vuba.

Ijwi rya Amerika riratega ugutwi ayo makenga, rikaba ririko rikora kugirarifashe gutuma amajwi y’ibiganiro vyacu asubira kwumvikana neza nkuko abadutega amatwi babimenyereye. Ijwi rya Amerika ririko rirakora uko rishoboye kugira ritume abakwirikirana ibiganiro vyacu mu Kirundi n’Ikinyarwanda badasubire kugira ibibazo mu buryo bwihuta bushoboka.

Mu kurundira, bishobotse mushobora gukwirikirana ibiganiro vyacu vy’imisi yose kuri internet, kuri adresse yacu: www.radiyoyacu.com. Tubasavye kubandanya mutumenyesha ibibazo bishobora kubandanya mu kutwandikira kuri adresse yacu: Radiyoyacu@voanews.com.
XS
SM
MD
LG