Uko wahagera

Igitigiri c’Abantu Bapfuye muri Syria Cageze Kuri Mirongo Itanu


Intumwa y'Amakungu muri Syria, Lakhdar Brahimi
Intumwa y'Amakungu muri Syria, Lakhdar Brahimi
Abategetsi ba Reta y’igihugu ca Syria n’abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu baragirizanije ibitero bitari bike, vyageramiye agahengwe kacumbagira.

Abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu, batangaje kw’inteko za Reta ya Syria zagize ibiteto vy’indege z’ingwano, ejo ku musi wa gatandatu, mu bice birimwo ibice biri ku nkengera z’umurwa mukuru wa Syria, Damas.

Reta ya Syria yagirije abagwanya ubutegetsi, ku bitero bitari bike vyagizwe ku nteko zijejwe umutekano, n’ibitero bitari bike vy’amabombe, harimwo bombe yaturikiye hafi y’isengero mu gisagara ca Deir Ezzor, mu buseruko bwa Syria.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Reta ya Syria, SANA, ryatangaje kw’imirwi y’iterabwoba, yitwaje ibigwanisho, yabandanije kurenga ku gahengwe kataweko igikumu hagati ya Reta ya Syria n’abagwanya ubutegetsi, kagiye mu ngiro, ku musi wa gatanu, mu kiringo c’umusi mukuru wa Eid al-Adha.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu mu gihugu ca Syria, The Syrian Observatory for Human Rights, ryabwiye Ijwi rya Amerika, kw’abantu barenga mirongo itanu, bishwe ku musi wa gatandatu ,harimwo inteko zijejwe umutekano cumi n’indwi canke zirenga.
XS
SM
MD
LG