Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama Yaratoye Imbere y’Igihe mu Ntara ya Chicago


Prezida Barack Obama
Prezida Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama yabaye umuprezida wa mbere, wa Amerika, yatoye imbere y’igihe, mu matora y’umukuru w’igihugu.

Obama yatoye, ejo ku musi wa kane, ku muhingamo, mu kibanza c’amatora, mu gisagara ca Chicago, mu ntara ya Illinois, aho yiyandikishije gutora. Intara ya Illinois, n'imwe mu ntara aitari nke zirekurira abanyagihugu, gutora imbere y’umusi w’amatora, wo kw’italiki zitandatu z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Prezida Obama, yavuze ko gutora kare, ari ikintu gifasha abatora, kutiyumvira kubigira ku musi umwe. Prezida Obama ntayamenyesheje uwo yatoye.

Obama yahagaze mu gisagara ca Chicago, mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, yagize mu ntara za Florida, Virginia na Ohio, intara zishobora kuzogira uruhara rukomeye, mu matora yo kw’italiki zitandatu, z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Prezida Obama yabwiye abamushigikiye, mu gisagara ca Tampa, mu ntara ya Florida, kw’imigambi y’umu Republicain bahiganwa, Mitt Romney, y’ukunagura ubutunzi, izoba ifitiye akamaro abatunzi, kurusha abanyagihugu basanzwe.

Prezida Obama avuga kw’ivyiyumviro nkivyo, arivyo vyateye ibibazo bikomeye, vy’ubutunzi muri Amerika.
XS
SM
MD
LG