Uko wahagera

Inteko z’Igihugu ca Guinee-Bissau Zarishe Abantu Batandatu Bari Bitwaje Ibirwanisho Muri Coup d’etat Yageragejwe


Abasirikare b'Igihugu ca Guinee-Bissau ku Murwa Mukuru Inyuma Yuko Abantu Bitwaje Ibigwanisho Bagerageje Coup d'etat
Abasirikare b'Igihugu ca Guinee-Bissau ku Murwa Mukuru Inyuma Yuko Abantu Bitwaje Ibigwanisho Bagerageje Coup d'etat
Abantu batandatu barishwe mu kurasana kwabereye mu gihugu ca Guinee-Bissau, muvyo abategetsi bavuga kw’ari coup d’etat yananiwe gushirwa mu bikorwa.

Abategetsi bo mu gihugu ca Guinee-Bissau batangaje kw’inteko za Reta zatujije abari bagize igitero, imbere y’ubucagucagu, ejo ku musi w’Imana, ku kibanza c’inteko zigwanira mu kirere hafi y’umurwa mukuru, Bissau.

Ibitigiri vy’abapfuye canke abakomeretse, ku ruhande rw’inteko za Reta ntivyashoboye kwemezwa buno nyene.

Ivyabona batangaje kw’abategetsi b’igihugu ca Guinee-Bissau bongereje umutekano ku murwa mukuru, inyuma y’ukurasana kwamaze amasaha abiri.

Igihugu ca Guinee Buissau carageramiwe n’uruhagarara, kuva cikukiye mu mwaka w’1974, aho habaye ama coups d’etat, incuro nyinshi. Abasirikare barafashe ubutegetsi, mu kwezi kwa kane.

Abayoboye abagize coup d’etat barashizeho Reta nfatakibanza igenewe gutegura amatora mashasha ,mu vyashigikiwe n’ibihugu bigize ishirahamwe C-E-D-E-A-O. Yamara iyo Reta ntafakibanza ntiyashoboye gushigikirwa n’ibihugu vyinshi, vyo mu makungu, mu gihe abanebagura iyo Reta bavuga kw’igikoreshwa n’abasirikare.
XS
SM
MD
LG