Uko wahagera

George McGovern Yigeze Guhiganirwa Kuba Prezida wa Amerika Yaritavye Imana


George McGovern
George McGovern
George McGovern, yahoze ari umushingamateka muri Amerika yatsinzwe bikomeye, mu matora y’umukuru w’igihugu, mu mwaka w’1972, yaritavye Imana. McGovern yitavye Imana, ejo ku musi w’Imana, afise imyaka mirongo icenda, mu ntara yiwe y’amavuko ya Dakota yo mu bumanuko.

Abo mu muryango wiwe batangaje ko yari afise ibibazo bitari bike vy’amagara.
McGovern yaranguye amabanga y’ubudepute n’ubusenateri hagati y’umwaka w’1957 n’umwaka w’1981.

Mu mwaka w’1972, yiyamamaje afatiye ku kudashigikira kwiwe kw’ingwano yo muri Vietnam, igihe yahiganwa na prezida w’ico gihe, Richard Nixon. Yaratsinzwe bikomeye mu matora y’umukuru w’igihugu y’ico gihe, aho yatsinze gusa mu ntara ya Massachusetts no muri Dirsitct ya Colombia.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika mu mwaka w’2006, McGovern yamenyesheje kw’ivyiyumviro vyiwe ku ngwano yo muri Vietnam, vyafatiye ku gihe yamaze ari umudereva w’indege z’ingwano, mu ngwano ya kabiri y’isi yose.
XS
SM
MD
LG