Uko wahagera

Abantu 23 Barishwe Mu Gihugu ca Nigeria.


Burnt our cars are seen at the business and skills center following attacks by the Boko Haram sect in Potiskum, Nigeria, October 20, 2012.
Burnt our cars are seen at the business and skills center following attacks by the Boko Haram sect in Potiskum, Nigeria, October 20, 2012.

Abategetsi bavuga kw’ibitero bitavanako vy’umurwi Boko Haram, vyahitanye ubuzima bw’abantu 23.

Abo bategetsi bavuga kandi ko bahagaritse umukuru w’uyo murwi.
Abategetsi bo ku bitaro, ejo ku musi wa gatandatu, baratangaje kw’abo bantu bishwe mi bibombe hamwe n’inkoho, vyarashwe mu bwicanyi bwatanguye kuva ku musi wa kane, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Abanyagihugu bavuga kw’inyubakwa zitari nke zasambuwe mur’iyo ntara yama yatewe n’uyo murwi w’abagwanyi.

Ku musi wa gatanu ku mugoroba, abategetsi ba gisirikare b’igihugu ca Nigeria, baratangaje ko bahagaritse umukuru w’umurwi Boko Harm, Shuaibu Muahammed Bama, igihe yari yagiye kuramukanya ku musenateri akomye, hafi y’igisagara ca Maiduguri. Izina ry’uyo musenateri yari yagiye kuramutsa, ntiriratangazwa.

Umuhari Boko Haramu, uramaze kwagirizwa igandagurwa ry’abantu barenga 1500 kuva mwaka w’2009.

Nta makuru y’imfaho yerekeye uyo murwi aramenyekana gushika ubu, yamara ikizwi coco, ngo n’uko uyo murwi, woba ushaka kw’itegeko rya kiislamu Sharia, aba ariryo rigenga igihugu.
XS
SM
MD
LG