Uko wahagera

Uwahoze Ar’Umuvugizi wa Gadhafi, Yarahagaritswe


لیبیا ڕه‌تی ده‌کاته‌وه‌ کوڕه‌که‌ی قه‌زافی کوژرابێت
لیبیا ڕه‌تی ده‌کاته‌وه‌ کوڕه‌که‌ی قه‌زافی کوژرابێت

Abasikare ba Syria, bahagaritse uwahoze ar’umuvugizi wa Moammar Gadhafi ejo ku musi wa gatandatu.

Iryo hagarikwa ryiwe ribaye haheze umwaka umwe, Gadhafi afashwe, kandi yishwe.
Itangazo ryasohowe na reta ya Libya, rivuga ko Moussa Ibrahim yahagaritswe ageze ku kirindiro c’abapolisi mu buraruko bw’igasagara ca Tarhuma.

Bitegekanijwe kw’ashikirizwa abategetsi bo ku murwa mukuru Tripoli, kugira ngo asambishwe.

Ibrahim yar’ajejwe igikorwa co gushikirza amajambo ya Gadhafi, igihe c’ingwano yo mu gihugu ca Libya mu mwaka w’2011.

Kuva igisagara ca Tripoli gifashwe mu kwezi kw’umunani mu mwaka uheze, Ibrahim, ntiyari bwakubitwe ijisho.

Moammar Gadhafi yapfuye kw’igenekerezo rya 20 ry’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’2011, inyuma y’aho imodoka z’abantu bamushikigikiye zikwirikirana zariko zirahunga igisagara ca Sirte, zirasiwe n’ibitero vy’indege, zigaca ziterwa n’abantu bitwaje ibigwanisho.

Amasaha makeyi inyuma y’aho inkuru ivuga ko Ibrahim yahagaritswe, ikibanza Face Book c’uyo mugabo yahoze ar’umuvugizi wa Gadhafi, caciye kibeshuza ayo makuru yatangajwe na reta.

Inkuru iri ku majwi yatangajwe kur’ico kibanza Facebook, ivuga ko Ibrahim yidegemvya, kandi ari hanze y’igihugu.
XS
SM
MD
LG